IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Abanywanyi ba PARCEM basabiwe gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 (...)

Muramvya : Abanywanyi ba PARCEM basabiwe gupfungwa imyaka iri hagati ya 20 na 25

samedi 27 janvier 2018

Mu rubanza rwumvirijwe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Nzero 2018, Emmanuel NSHIMIRIMANA arongoye PARCEM yasabiwe gupfungwa imyaka 25 no gutanga igadabu y’umuriyoni w’amarundi, mu gihe Aimé Constat GATORE arongoye PARCEM muri komine Mbuye na Marius NIZIGAMA arongoye PARCEM muri zone Buhangura basabiwe gupfungwa imyaka 20 n’ihadabu y’umuriyoni umw’umwe.

Uko ari batatu bose bagirizwa guhungabanya umutekano, no gukoresha impapuro za magendu mu gihe bariko bategura uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro rwari rwatunganijwe n’ishirahamwe PARCEM. 

Ku ruhande rwiwe, Faustin NDIKUMANA amenyesha ko batangajwe no kuba urubanza rwumvirijwe ubushasha, mu gihe kw’igenekerezo rya 5 Nzero rwari rwumvirijwe ruca rushirwa mu mwiherero.

Faustin NDIKUMANA asaba ko abanywanyi b’ishirahamwe PARCEM bezwa kandi bakarekurwa, kuko aho bavuga bahungabanije umutekano, hatarigera hibonekeza umutekano muke.

Abo banywanyi b’ishirahamwe PARCEM bafashwe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017, baca binjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.