IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Utuzu dutatu two kudandarizamwo twahiye turatokombera

Muramvya : Utuzu dutatu two kudandarizamwo twahiye turatokombera

vendredi 25 mai 2018

Amakuru dukesha abakorera aho mu Gatabo, amenyesha ko uwo mucanwa wadutse nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, igihe abantu bari batanguye kwugara amazu y’ubudandarizo yabo.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru, akavuga ko uwo mucanwa wavuye kw’ibuji bakoresha mu kubonesha.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, amenyesha ko igiporisi gikoresheje ibiduga bizimya umuriro, bari kumwe n’abanyagihugu, bakoranye ubukerebutsi budasanzwe mu gukinga ko izindi nzu zishikirwa.

Agaciro k’ivyononekaye muri uwo muriro ntikaramenyekana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.