IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA:“Umurongozi mwiza nuwemera kuba umusuku (...)

Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA:“Umurongozi mwiza nuwemera kuba umusuku w’abandi.”

Saturday 13 October 2018, by vianney

Ivyo yabishikirije mu misa kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2018 aho hibukwa imyaka 57 iheze umuganwa Rudoviko RWAGASORE agandaguwe.

Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yavuze kuruno musi hibukwa umuganwa Rudoviko RWAGASORE atari umusi w’akaruhuko ariko ube umusi ugira ico wigishije abantu mu buzima bwabo no mu buzima bw’igihugu.

Uyo musenyeri yavuze ko naho umuntu yopfa akiri muto azokwibera mu mahoro kuko ico Imana iba yamuhaye aba yakiranguye mu guhesha icubahiro Imana kugira agire ico yimariye no kukimarira abandi arico gituma abantu bose bahamagariwe kuba intungane kanatsinda niyo nzira incungu yo kwikukira yafashe.

Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yavuze ati: “Igikuru nuko ico yagwaniye catevye kikaboneka kandi umuntu w’intungane akwiye kuba intungane no muri poritike.”

Uyo musenyeri yavuze kandi ko uwushaka kuba umukuru ategerezwa kuraba imbere mu ntumbero yo gutegura kazoza kabo aba ashinzwe Atari kuguma yiboheye kuri kahise.
Musenyeri Gervais BANSHIMIYUBUSA yavuze ati:“Kahise kadufasha kubona kubu nako kukadufasha gutegura kazoza.”

Ivyo birori vyabandanirije ku musozi wa Vugizo aho umuganwa Rudoviko RWAGASORE yashinguwe aho inyuma yo gushikiriza ubuzima bwaranze umuganwa Rudoviko RWAGASORE haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe ,abitavye urwo rubanza baca bumviriza ijambo uyo muganwa yashikirije igiye yatsinda amatora.

Ibirori vyitabwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNIZA.icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO,icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka Jocky Chantal NKURUNZIZA,abashingamateka n’abakenguzameteka batandukanye,intwazangabo mu gisirikare no mu giporisi,abo mu muryango wa Rudoviko RWAGASORE hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.