IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Museremu: ’’Igiciro c’uruhusha rwo kugendesha imodoka ntikirahinduka’’

Museremu: ’’Igiciro c’uruhusha rwo kugendesha imodoka ntikirahinduka’’

jeudi 12 Nzero 2017

Umukuru w’igipolisi kigenzura uruja n’uruza mu mabarabara Alfred Innocent MUSEREMU amenyesha ko ata ngingo n’imwe yo guhindura uruhusha rwo kugendesha imodoka ihari.

Mu kiganiro yagiranye n’abakura amakara mu gihugu hagati abamenyesha ibijanye n’itegeko rishasha rijanye nuko bokwunguruza amakara,Alfred Innocent Museremu yamenyesheje ko ibihuha bimaze iminsi bishikirizwa ko impusha zishasha zo kugendesha imodoka permis biometriques zizohindurwa ari ikinyoma.

Ku bijanye n’amakuru avuga ko hari umugambi wo kuduza igiciro c’urwo ruhusha rushasha rwo kugendesha imodoka, umukuru w’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara yavuze ko atarivyo kuko igiciro kizoguma ari icashinzwe.

Mu gihe umushikiranganji w’umutekano yongereje ikiringo co guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoka,Alfred Innocent MUSEREMU ahamagarira abatarahinduza urwo ruhusha kubikora mu maguru masha, kuko vyibonekeza ko iyo ico kiringo kigomba kirangire ariho abantu baba benshi.


IGIHE

Messages

  • Nyakubahwa Musemu na shaka kubaza kuri twebwe turi mumahanga tutahunze nkanje na vuye mu Gihugu muri 2012 tuzohinduza gute uruhusha rwo kugendesha imodpka? mugihe no taha ikiringo co gihindura ca renganye bizogenda gute? Ndi Pretoria Sud Afrique.Mbaye ndabashimira kunyishu ziza mu zonshikiriza. Murakoze.

  • None Urwo Ruhusha Rwokunyonga Imodokari Rufise Igiciro Camafranga Angana Gt?

  • Ndumva nshaka kuronswa urwo ruhusha, ariko simenya n’iyo bigeze ivyo gupasa. Mwotubwira n’angahe kugira umunt apase, n’angahe kugura urwo ruhusha?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.