Accueil > Amakuru > umutekano > Mutaho: Nta kirwanisho catowe mu gikorwa co gusaka mw’ikambi y’abateshejwe (...)
Mutaho: Nta kirwanisho catowe mu gikorwa co gusaka mw’ikambi y’abateshejwe izabo
mercredi 25 Nzero 2017
Igipolisi cakoze igikorwa co gusaka mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo y’i Mutaho,mu ntara ya Gitega,mu gatondo ko kuri uno wa gatatu,igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2017.
Amakuru ava aho mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo i Mutaho,amenyesha ko ico gikorwa cakozwe n’igitigiri kinini c’abapolisi,bagizwe n’abakorera aho i Mutaho bari kumwe n’abapolisi bakorera ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.
Mu gipolisi mu ntara ya Gitega bamenyesha ko inyuma y’igikorwa co gusaka cakozwe,ata kirwanisho na kimwe bakuye muri iy Kambi.
Ababa muri iyo Kambi y’impunzi i Mutaho bavuga ko badatahura igituma igikorwa c gusaka cabereye mw’ikambi y’impunzi gusa,kitabereye no ku yindi mitumba igize ikomine ya Mutaho,bagasaba gufatwa nk’abandi barundi.
Mu gipolisi bavuga ko ata gishasha kirimwo, kuko bakoze igikorwa kiri muvyo bajejwe mu mirimo yabo ya minsi yose.
IGIHE
Messages
25 Nzero 2017, 18:54, par suguru sebastien
IYO BASATSE BAKABURA BACA BIGIRA ICIZA NUKO ATAWE BARENGANIJE! NAHANDI HOSE BAKWIYE GUSAKA!
25 Nzero 2017, 19:58, par Nema
Gusakwa Ntangorane .
25 Nzero 2017, 20:02, par Nema
Gusakwa Ntangorane Ivyo Bibahose Nomuri Tanzania Ikijiji Giteye Amakenga Baragisaka Ivyo Ntakibazo .
25 Nzero 2017, 23:50, par Rugari
Reka mbabaze. Abo bateshejwe ibyabo ni abarundi cg abanyekongo? Niba ari abarundi leta igomba guhita ibaha isaha bagasubira iwabo kwivuko.
26 Nzero 2017, 13:49, par Warumonge
Nikazimujejwebandamucakanahandi
3 Ruhuhuma 2017, 13:16
Mbekonabari Bahungiye Hanze Kobatashe Izomburakimazi Ziriko Zihakoriki ?Barindiriye Gukora Bimwe Bakora Mumyaka Irenganye Nibavamvuke Ntibigikunda