IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutaho: Nta kirwanisho catowe mu gikorwa co gusaka mw’ikambi y’abateshejwe (...)

Mutaho: Nta kirwanisho catowe mu gikorwa co gusaka mw’ikambi y’abateshejwe izabo

mercredi 25 Nzero 2017

Igipolisi cakoze igikorwa co gusaka mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo y’i Mutaho,mu ntara ya Gitega,mu gatondo ko kuri uno wa gatatu,igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2017.

Amakuru ava aho mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo i Mutaho,amenyesha ko ico gikorwa cakozwe n’igitigiri kinini c’abapolisi,bagizwe n’abakorera aho i Mutaho bari kumwe n’abapolisi bakorera ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.

Mu gipolisi mu ntara ya Gitega bamenyesha ko inyuma y’igikorwa co gusaka cakozwe,ata kirwanisho na kimwe bakuye muri iy Kambi.

Ababa muri iyo Kambi y’impunzi i Mutaho bavuga ko badatahura igituma igikorwa c gusaka cabereye mw’ikambi y’impunzi gusa,kitabereye no ku yindi mitumba igize ikomine ya Mutaho,bagasaba gufatwa nk’abandi barundi.

Mu gipolisi bavuga ko ata gishasha kirimwo, kuko bakoze igikorwa kiri muvyo bajejwe mu mirimo yabo ya minsi yose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.