IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mwaro : Uwashatse kwica patiri mukuru wa paruwase Nyabihanga yaciriwe (...)

Mwaro : Uwashatse kwica patiri mukuru wa paruwase Nyabihanga yaciriwe gupfungwa imyaka 15

jeudi 31 mai 2018

Uwo yahanishijwe ico gihano ni NTAHIZANIYE Daniel avuka aho mu Nyabihanga nyene, akaba kandi yaheruka guciribwa umunyororo w’impaga w’imyaka 8 n’ihadabu y’umuriyoni yagirizwa gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko iyo sentare yaciriye kandi imyaka indwi yo gupfungwa uwitwa Perrine NIYOMWUNGERE, avuka mu ntara ya Rutana, yagirizwa gufasha Daniel NTAHIZANIYE mu gushaka kugandagura patiri mukuru wa Paruwase Nyabihanga.

Mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018, niho Patiri Ildephonse SABOKWIGINA yaraswa, aca arakomereka mu kuguru no mu rubavu, mu nyuma aca ajanwa mu bitaro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.