Accueil > Amakuru > Ubutungane > NTWARI Fabrice Robinson yaciriwe gupfungwa imyaka itanu
NTWARI Fabrice Robinson yaciriwe gupfungwa imyaka itanu
samedi 17 mars 2018
Mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, NTWARI Christian Robonson yaciriwe urubanza hamwe n’umwigeme NIYOMUKIZA Akissa, bifatanye amasanamu bariko barangura amabanga y’abubatse.
Sentare Nkuru ya komine Mukaza yaciriye uwo mwigeme gupfungwa imyaka itatu n’amezi atandatu, hamwe no gutanga ihadabu y’ibihumbi amajana abiri, nawe nyene yagirizwa guhungabanya imico y’igihugu.
NTWARI Christian Robonson yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018, mu gihe yari amaze iminsi ari mu karuhuko, kuko asanzwe afise n’ubwenegihugu bwa Suwede, ari naho yari asanzwe aba.
MUGISHA Van Naris
Messages
17 mars 2018, 13:04, par Evelyn kwi
Nibyiza cane kabisa azovayo yagize Indero
19 mars 2018, 16:40, par Grâce Gakiza
None Ivyo Nivyo Babahoye ?Canke Ayo Masanamu Baciye Bayashira Kwisoko ??
30 juillet 2018, 14:35, par masudi robert issa
je être avec vs