IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Uwunguruza abantu n’imodoka yitavye Imana arashwe n’uwo yari (...)

Ngagara : Uwunguruza abantu n’imodoka yitavye Imana arashwe n’uwo yari yunguruje

vendredi 8 juin 2018

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko, hari nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro, muri karitiye ya kane ya zone Ngagara, hafi y’ubunwero Ozode Diplomatique, aho umuntu yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet yagerageza kwiba imodoka Probox y’imparati J0015A yari imwunguruje.

Pierre NKURIKIYE, avuga ko amaze kubona bidakunze ko yiba iyo modoka, yaciye arasa amasase atatu, aca ajanwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe (Medecins Sans Frontieres), ari naho yahavuye acikanira.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko uwo musuma atamenyekanye kandi yaciye azimangarira aho mu Ngagara, mu gihe abari hafi y’ahabereye ubwo bugizi bwa nabi bariko baramukurikirana.

Pierre NKURIKIYE avuga ko bariko bararondera uwo musuma, imodoka nayo ikaba ibitswe mu giporisi gikorera kuri zone ya Ngagara.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.