IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Abagirizwa igitero co ku Mukoni basabiwe gupfungwa no gutanga (...)

Ngozi : Abagirizwa igitero co ku Mukoni basabiwe gupfungwa no gutanga ihadabu

vendredi 1er décembre 2017

Mur’urwo rubanza rwabaye kur’uyu wa kane ababurana bari bagabuwe mu mirwi ibiri igizwe uwa mbere n’abasirikare n’abanyagihugu, uwa kabiri nawo wari ugizwe n’abasirikare gusa.

Umurwi wa mbere ugizwe n’abasirikare hamwe n’abanyagihugu basanzwe wagirijwe kuba waragendanye ibirwanisho utabifitiye uruhusha , mu gihe umurwi wa kabiri ugizwe n’abasirikare wagirijwe gufasha guhungabanya umutekano mu gihugu.

Abari mu murwi wa mbere sentare yabasabiye gupfungwa imyaka 30 hamwe no kuriha ihadabu y’imiriyoni 5 z’amarundi umw’umwe, mu gihe abari mu murwi wa kabiri basabiwe gupfungwa imyaka 25 no kuriha ihadabu y’imiriyoni 5 umw’umwe.

Uko bari mu mirwi ibiri bose barahakanye ivyo bagirizwa, bavuga ko ibiri mu vyegeranyo sentare yakoreyeko bavyemejwe n’uko bahohotewe.

Bitegekanijwe ko sentare nkuru ya Ngozi isoma urubanza kw’igenekerezo rya 14 Kigarama 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.