IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Ngozi : Abantu 7 bagirizwa kurasa abantu mw’ijoro bafashwe

Ngozi : Abantu 7 bagirizwa kurasa abantu mw’ijoro bafashwe

Wednesday 5 September 2018, by vianney

Umuvugizi w’ubushikiraganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako igiporisi kimaze gukora amatohoza camenye kw’ izo nkozi z’ikibi ziri mw’ihoteri imwe yo mu gisagara ca Ngozi yitwa Maison Jaune inyuma yo kuhasaka gica gifatirayo inkozi z’ikibibi 7 hamwe n’umukozi 1 wo muriyo nzu y’uburaro.

Pierre NKURIKIYE avuga ko abafashwe ari Baracambariza Pontien .Bigirimana Eugene ,Irambona Joseph ,Ntihabose Pie,Nimbona Jimmy,Ndayiragije Jean Claude,Ndizeye Reverien hamwe na Nkuzimana Willy akora muriyo nzu y’Uburaro muvyo bafatanywe ari inkoho imwe hamwe na gerenade imwe.

Uyo avugira ubwo bushikiranganji avuga kandi ko bamaze gufatwa bemeye ko aribo bamaze imisi bakora ububisha butandukanye mu ntara za ruguru kandi aribo barashe abantu muriryo joro bafise intumbero yo kwiba bakoresheje inkoho.

Mwomenya ko k’umusi w’Imana uheze igenekerezo rya 2 Nyakanga 2018 ariho inkozi zikibi zarashe abantu mu gihe c’isaha z’ijoro ,ku gasozi ka Gisagara muri komine ya Ngozi zikomeretsa uwitwa Hatungimana Elvis hamwe na Bizumungu Ladoice.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.