IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Abasore 36 bafashwe n’igiporisi bariko baja muri Tanzaniya

Ngozi : Abasore 36 bafashwe n’igiporisi bariko baja muri Tanzaniya

mercredi 16 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo basore bateye amakenga abajejwe umutekano, aho akaba ari mu gihe bafashwe bagira bajabuke Ruvubu muri komine Mutaho intara ya Gitega, mu nzira y’ukuja mu gihugu ca Tanzaniya.

Nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo niho abo basore bafatwa, mu giporisi bakavuga ko vyateye amakenga ingene bariko biyungururiza hamwe baja muri Tanzaniya.

Abo bafashwe basiguye ko bari bagiye mu gihugu ca Tanzaniya kurondera ubuzi, kuko bari barembejwe n’ubushomeri.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza y’ico abo basore bari bagiye gukora muri Tanzaniya yamaze gutangura.

Muri abo 36 bafashwe, 24 ni abo mw’ikambi y’abateshejwe izabo yo mu Ruhororo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.