IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ngozi : Umugabo n’umugore wiwe bishwe n’abantu batamenyekanye

Ngozi : Umugabo n’umugore wiwe bishwe n’abantu batamenyekanye

jeudi 22 Munyonyo 2012

Mu ntara ya Ngozi, abantu babiri umugabo n’umugore wiwe batewe grenade mu nzu babamwo baca baritaba Imana. Abakoze iryo bara ntibaramenyekana, igipolisi camaze gufata umuntu umwe ku mvo z’amatohoza.

Hari mw ‘ijoro ryo kuri uyu wa gatatu, ngo haje abantu bitwaje ibirwanisho batera igisasu ca grenade mu cumba kiryamyemwo umugabo n’umugore, ubwo nyene baca barapfa. Vyabereye muri zone Mubogora komine n’intara ya Ngozi.
Inkuru ziva aho habereye ubwo bwicanyi zivuga ko uyo muryango woba wahowe ibintazi vy’uburozi.
Igipolisi caragerageje gutabara ariko cahashitse abo bagizi ba nabi bamaze guhunga. Abanyagihugu baba muri ico gice bavuga ko bibabaje kubona umuryango wose wicwa uzira umukeko. Bamenyesha ko bahora babana neza n’abandi kandi n’ivyo vy’uburozi ngo vyavugwa n’abansi babo gusa.
Gushika kuri uyu wa kane inyuma y’umutaga ntihari bwamenyekana ababikoze abo aribo ariko umuntu umwe yariyamaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Uwo muntu yafashwe yadomwe ko urutoke n’abanyagihugu, ngo yaramaze guhiga kenshi ko azogandagura umwe muri abo bantu babiri bishwe. Ngo yoba yabahora uburozi.
Abajejwe intwaro n’igipolisi mu ntara ya Ngozi bavuga ko bagiye gukora uko bashoboye kwose abakoze ubwo bwicanyi bafatwe bashirweimbere y’ubutungane hanyuma bahanwe. Basaba abanyagihugu gufasha muri ico gikorwa.


Bonesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.