Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umuhungu yanize nyina amuziza infungurwa
Ngozi : Umuhungu yanize nyina amuziza infungurwa
mercredi 27 décembre 2017
Amakuru ava mu begereye aho uwo musore avuka, amenyesha ko uwo musore yishe nyina wiwe amunize, bivuye ku kutumvikana gufatiye ku nfungurwa.
Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi akavuga ko uwo musore yaciye afatwa n’igiporisi c’Uburundi,agiheza kuniga umuvyeyi wiwe.
- Umusore yanize umuvyeyi wiwe
Pierre NKURIKIYE avuga ko bamaze gutangura kumukorera dosiye kugira ace arungikirwa ubutungane.
MUGISHA Van Naris