IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Uwahoze ari umunywanyi wa ACAT akwije iminsi ibiri mw’ibohero rya (...)

Ngozi : Uwahoze ari umunywanyi wa ACAT akwije iminsi ibiri mw’ibohero rya Ngozi

vendredi 28 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’ukwumvirizwa na Parake nkuru ya Bujumbura kuri uwu wa gatatu, Germain RUKUKI yajanwe gupfungirwa i Ngozi, akaba yari amaze indwi zigera ku zibiri apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Uwo yahoze ari umunywanyi w’ishirahamwe rukirisu ryiyemeje kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT) yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari asanzwe aba.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Germain RUKUKI yagirizwa ko yagize uruhara mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu 2015. Yagirizwa kandi ko akorana n’amashirahamwe asohora ivyegeranyo bicapfuza isanamu y’Uburundi.

JPEG - 72.8 ko
Germain Rukuki yahoze ari umunywanyi w’ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture)

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.