Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria: Reta yatanguje umugambi wo guhemba abakene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria: Reta yatanguje umugambi wo guhemba abakene

Nigeria: Reta yatanguje umugambi wo guhemba abakene

mercredi 4 Nzero 2017

Reta ya Nijeriya yatanguje umugambi wo guhemba ku kwezi ku kwezi abakene n’abandi bantu bashika umuliyoni bafise ingorane z’ubuzima.

Mu ntango z’uwo mugambi umuntu azohembwa amafaranga akoreshwa muri ico gihugu Naira ibihumbi bitanu, ni amadolare 16 ku kwezi ku kwezi.

Uwo mugambi watanguye gushirwa mu ngiro mu ntara zitandatu ,mu ntara 36 zigize ico gihugu ca Nijeriya. Imbere y’uko atsinda amatora mu mwaka wa 2015, umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yari yamenyesheje ko azorwanya ubukene n’igiturire.

Bamwe bashikiriza ko hari amakenga kuri iyo ngingo kuko mu gihugu ca Nijeriya ata buryo gifise co kumenya igiharuro nyakuri c’abanyagihugu baba muri ico.

Nijeriya ifise abanyagihugu bashika imiliyoni 179.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.