IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Muhammadu Buhari yamenyesheje ko azokwitoza mu miringo ca (...)

Nijeriya : Muhammadu Buhari yamenyesheje ko azokwitoza mu miringo ca kabiri

mardi 10 avril 2018

Muhammadu Buhari yabaye umukuru w’igihugu wa mbere atwaye Nijeriya, avuye mu mugambwe utavuga rumwe na Reta, akaba yarahuye n’ibibazo vy’ubutunzi hamwe n’umutekano muke.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Bloomberg, kimenyesha ko kur’uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018, ariho umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari yabwiye uburongozi bw’umugambwe wiwe ko afise umugambi wo gusubira kwitoza.

Umushakashatsi Cheta Nwanze mu kigo SBM Intelligence, yavuze ko ibijanye no gusubira kwitoza kwa Muhammadu Buhari vyari vyaragizwe ibanga, kandi ko mu mugambwe wiwe hari abantu benshi batamushigikiye bashobora gutangura kumurwanya.

Abakurikiranira hafi poritike ya Nijeriya bamenyesha ko, umugambwe rya People’s Democratic Party wahoze urongoye igihugu ariwo ushobora guhangana nawe mu matora, ariko bikaba bitoroshe ko utsinda kuko wagirijwe ibiturire mu mwaka wa 2015, bituma utsindwa amatora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.