IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nixon HABONIMANA aranegura uko umutekano wifashe mu mabarabara

Nixon HABONIMANA aranegura uko umutekano wifashe mu mabarabara

mardi 26 décembre 2017

Nixon HABONIMANA avuga ko yihweje ibibera mu mabarabara, hasigaye haba amasanganya menshi agahitana abantu benshi, gushika aho bigeze ko umuntu asohoka ari muzima ariko atazi ko ataha ari muzima.

Umukuru w’ishirahamwe Observatoire pour la Securité Routière avuga ko umuntu atovuga ko abatera amasanganya ari abagendesha imodoka gusa, ariko ko n’abagenda n’amaguru bashobora gutuma haba amasanganya.

Nixon HABONIMANA asaba abarundi kwikuramwo akageso ko kuvuga ngo umuntu apfa ageze canke apfa hageze, mu gihe naho bari mu modoka bagasaba uwuriko arayigendesha ko agenda neza, bakamwibutsa ko atwaye abantu.

JPEG - 173.2 ko
Nixon HABONIMANA, arongoye ishirahamwe Observatoire pour la Sécurité Routière

Nixon HABONIMANA asigura ko atagikozwe mu maguru masha,mu Burundi turiko twinjira mu bihugu vya mbere kw’isi aho abantu bahitanywa cane n’amasanganya yo mw’ibarabara.

Nixon HABONIMANA avuga ati :’’Tugeze ku rugero rubi, turiko twerekeza kuba mu kibanza ca mbere kw’isi mu bijanye n’abantu bahitanwa n’amasanganya mw’ibarabara. Imvo zibituma ni ukwigenza nabi mu mabarabara, kudasoneranira no kwunguruza abantu hakoreshejwe imodoka zishaje.’’

Umukuru w’ishirahamwe rikurikira hafi ibijanye n’umutekano w’ibarabara asaba igiporisi kijejwe umutekano mu mabarabara guhana cisunze amategeko, abo bose bahungabanya umutekano wo mw’ibarabara.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.