IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > OLUCOME yizeye ko ingingo z’ukurwanya igiturire mu Burundi zizofatwa mu nama (...)

OLUCOME yizeye ko ingingo z’ukurwanya igiturire mu Burundi zizofatwa mu nama yimirije

vendredi 3 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo OLUCOME yasohoye kuri uwu wa gatanu, Gabriel RUFYIRI arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko bibabaje kubona igihugu c’Uburundi kitashize mu ngiro ivyo casabwe mu cegeranyo ca mbere co kuva mu 2011 gushika 2015 kandi abahinga ba ONU bakurikiranira hafi ibijanye no kurwanya igiturire buca bagira ikindi cegeranyo ca kabiri.

OLUCOME imenyesha ko Reta y’Uburundi yari ifise amahirwe yose yo gushira mu ngiro ivyo yasavye mu cegeranyo ca mbere, kuko imigambi yerekeye gushira mu ngiro amasezerano y’i Arusha hamwe no kugwanya igiturire, yose yari yahawe imfashanyo kugira ije mu ngiro.

Muri OLUCOME bashikiriza kandi ko ivyashizweho vyose kugira hagwanywe igiturire yaba inzego z’ubutungane, amashirahamwe hamwe n’inzego zigwanya ico giturire ko vyose ari ibikanganyoni, kuko igiturire kitigeze kigabanuka mu gihugu.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

OLUCOME iheraheza isaba ko hotorwa ingingo izotuma igihugu gishobora kugwanya igiturire kuko ivyaha bijanye no kunyuruza amatunga hamwe n’imitahe gushika ubu bitarahanwa mu gihugu.

Tubibutse ko inama mpuzamangu ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire izotangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 gushika igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017 ku mugwa mukuru Vienne mu gihugu ca Autriche.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.