IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > PARCEM yasavye ko hokorwa icigwa cerekana ibikenewe mu gisata (...)

PARCEM yasavye ko hokorwa icigwa cerekana ibikenewe mu gisata c’inyigisho

mercredi 28 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) asaba ko hokorwa icirwa c’abahinga cerekana ibikenewe vyose mu gisata c’inyigisho mu Burundi, kugira ibibazo biri muri ico gisata bitorerwe inyishu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Faustin NDIKUMANA umukuru w’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje guhamagarira Abarundi guhindura ingendo, yibukije ibibazo bikuru bikuru bihanze igisata c’inyigisho mu Burundi, ivyo navyo akaba ari nk’ubukene bw’amashure n’ivyankenerwa ku mashure, igitigiri c’abigisha kidakwiye, uburyo buke bw’amafaranga ahabwa amashure, ibiturire, ubukene buri mu gihugu hamwe n’ukubura akazi kw’abahejeje amashure.

JPEG - 46.9 ko
Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM

Mu gihe ico cigwa cokorwa, umukuru w’ishirahamwe PARCEM amenyesha ko vyofasha kurondera uburyo bukenewe. Nk’uko Fastin NDIKUMANA aramutswa PARCEM yabimenyesheje, ico cigwa cokwerekana kandi n’ahova ubwo buryo bukenewe.

Umwaka w’ishure w’umwaka w’2016 ushira uw’2017 umaze iminsi itatu utanguye icese mu Burundi, ariko hakaba hacibonekeza ibibazo vy’ubukene bw’abigisha, ibitabu, hamwe n’amafaranga y’ugufungurira abanyeshure biga barara mu ndaro.


IGIHE

Messages

  • amashure ubunovugako harimwakarusho sinkubwambere ahatarinukwiga kukibazo naho akahagera ikibazojembona gikomeye nicabaheza amashure kuronka akazibikaba ingorane ugasanga imyakibiri iraheze uwahejeje atakazi afis nukwiga kwico kibazo naho uburundi bwacu dukenye twogerageza tugasabikanya kumashure naho umukuruwigihugu yaragerageje tuzoguma twongerako ahobikenewe

  • Faustin ntamwanya wokubikora dufise kk ejo dufise imyiyerekano. Kandi ico sikibazo kuko ntamwana wa Peter, les frères nyamitwe,Bunyoni, Prime, Ndakugarika baziga muri ayo mashure. Nibaje muhira tuzosubira tuje kubasaba amajwi.

  • @ Erexandre Kayiranga, ndakwunganiye harihovyishi birikobirakomeza gukorwa kubwineza yabanyeshure kuko haribimaze gukenyuka , hakabaho nibiriko biratungana, kandi harihonibindi buca bijamuburyo, ariko kubikorerakimwe mumwaka umwe ntibikunda nubwo dufise umugabo nabarongoye badasiba KU Kivi.
    Kubijanye nabamara ntibaronke akazi iconaco turakibona ntanumwe atakibona kandi ivyobakora biroroshe gutegurwa nkakarorero ufashe abanyagihugu bose mu Burundi bashoboye kwirihira umuriro wumuyaganguba ukawubagezako nabazi ukayabahezako ayomahera yotangwa canke iyo service yabobantu bose iyobavabakagera yotuma hugururwa ama positions atandukanye ibihumbi nibihumbagiza kandi niyoturikoturaka gusa turasaba abantu bakunda ivyogutera urwamo bicaye atacobariko barakora arukuvugirira ahobicaye bagabanye amajambo maze baze tuje kukivi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.