IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > PAYWAY Burundi yatanguje ubuhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri (...)

PAYWAY Burundi yatanguje ubuhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri EcoCash

Tuesday 7 August 2018, by Jean De Dieu

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PAYWAY Burundi, Methousela Nsabimbona yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rifise ubuhinga kugira rifashe abantu gushobora kuronka ikidandazwa carico cose bipfuza umuntu atawuvuye aho ari.

Methousela NSABIMBONA yavuze ko bazokorana n’ishirahamwe ryo gutumatumanako rya Econet Leo kugira abantu bose bafise terefone ngendanwa bashobore kugura umuyagankuba canke ibintu vyari vyose bipfuza vya PAYWAY Burundi biciye muri EcoCash.

Methousela yavuze ati: “Buri muntu wese yumveko muri PAYWAY afiseyo ikibanza co gucishayo ivyo agurisha.”

Uyo atwara PAYWAY Burundi yavuze ko akunguko ku banywanyi aruko bagiye koroherwa kuronka ibidandazwa na cane cane umuyagankuba n’ibindi bakoresheje terefone zabo ngendanwa.

Umuyobozi w’ishirahamwe rya Econet Leo,Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko ubucuti batanguje n’ishirahamwe PAYWAY buzofasha kugira abanywanyi bafise umuhora wa Econet Leo kandi biyandikishije muri EcoCash bashobore kugura umuyagankuba aho bari hose ku mwanya wariwo wose biciye muri EcoCash .

Nepias NJARAVAZA yavuze ko ubwo buhinga batanguje n’ishirahamwe PAYWAY bizofasha abanywanyi kugira bagure umuyagankuba bari ku mihana yabo bakoresheje terefone ngendanwa kandi bazokora ibishoboka kugira abanywanyi babo baronke ibidandazwa vyose bipfuza biciye mu buryo bworoshe kandi buzimbutse.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaserukiye Reta murivyo birori,Freddy MBONIMPA yashimiye ishirahamwe PAYWAY Burundi ryatanguje ubwo buhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri EcoCash kuko bizofasha abanyagihugu kuronka ivyo bipfuza ku mwanya muto batarinze kuruha.

Ukeneye gukoresha PAYWAY Burundi na cane cane kugura umuyagankuba biciye muri Ecocash ushobora kubikora amasaha 24 kuri 24 aho uri hose.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.