Accueil > Ubuhinga bwa none > Urubuga Twitter rugiye kwongereza amajambo abarukoresha bandika
 Urubuga Twitter rugiye kwongereza amajambo abarukoresha bandika
				
				mercredi 27 Nyakanga 2017
Urwo rubuga rufise abantu barukoresha barenga imiriyoni amajana atatu, ruhanganye n’ikibazo c’igwirirana ry’abantu barukoresha, ubu rukaba ruriko rurihweza ingene rwokorohereza abarukoresha.
Umugwi muto w’abakoresha urwo rubuga uzogiramwo uruhara muri iryo geragezwa ryo kwongereza amajambo yandikwa, gushika ku ncuro zibiri bafatiye ku majambo 140 bahora bandika .
Urwo rubuga rwa Twitter ruvuga ko ari kimwe mu bintu vyahora bigora abakoresha urwo rubuga.
MUGISHA Van Naris