IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Patiri Adolphe NTAHONDEREYE n’abandi banyurujwe bari kumwe babonetse

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE n’abandi banyurujwe bari kumwe babonetse

mercredi 26 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi kivuga abantu bane bari banyurujwe bakuwe mu modoka yunguruza abantu (Bus) mu Gatumba babonetse. Muri abo babonetse nk’uko igiporisi kivyemeza, harimwo Patiri Adolphe NTAHONDEREYE nawe nyene yari yaburiwe irengero.

Abo bantu bari banyurujwe mu gitero cakozwe ku modoka yunguruza abantu (Bus). Mu giporisi bari bashikirije bati : "Hari abanyagihugu bari muri irya modoka barokotse, baje kubwira igiporisi ko hariho bagenzi babo batashoboye kuboneka. Abo nabo ni Patiri Adolphe NTAHONDEREYE asanzwe ari Patiri kuri Paroisse yo mu Gatumba, akaba yari avuye gusengesha mu Kinyinya (Kajaga), yari afise agasokoshi karimwo Bibiriya yari yakoresheje mu gusengesha.", uko niko OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yabishikirije umunsi banyuruzwa.

Uwundi yanyurujwe muri ico gitero ni umutama azwi kw’izina rya Mathias, umuhumure azwi mu bacuraranga umuduri, akaba n’umuvyeyi w’abaririmvyi Alfred na Bernard bazwi cane mu ndirimbo "NKUNDA ABANTU".

Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bari abasuma bariko bagerageza kwibisha inkoho kuri abo bantu bariko biyunguruza muri iyo modoka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.