IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Patiri CIZA Jean Marie yumvirijwe na Sentare

Patiri CIZA Jean Marie yumvirijwe na Sentare

jeudi 1er Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ingingo ya Sentare y’uko Patiri CIZA Jean Marie yohabwa umwidegemvyo canke akabandanya kuburana ava mw’ibohero izomenyekana kuri uwu wa gatanu.

Patiri CIZA Jean Marie yahora akorera muri Diyoseze nkuru ya Gitega apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2017. Yagirizwa kuba yagerageje gufata ku nguvu umwana w’umwigeme.

Patiri CIZA Jean Marie yafashwe n’igendereza rikorera mu ntara ya Gitega, aca ashikirizwa Parake y’aho i Gitega.

Inyuma y’ukwumvirizwa na Parake nkuru ya Gitega, Patiri CIZA yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, kw’itegeko ry’umushikirizamanza mukuru w’intara ya Gitega.

Mu giporisi bavuga ko Musaseredoti wa Ekereziya Gaturika yafashwe kubera amasanamu umwigeme yajanye mu giporisi yerekana igihe Patiri Jean Marie CIZA yariko agerageza gufata ku nguvu uwo mwigeme w’umunyeshuri yiga mu mwaka w’icenda.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.