IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Paul Bienvenu NIYONZIMA wa Lion Story yarekuwe

Paul Bienvenu NIYONZIMA wa Lion Story yarekuwe

jeudi 12 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ababonye ifatwa ryiwe bamenyesha ko yari mu bunywero bita "Chez Gerard" mu gisagara ca Bujumbura, hafi ya Cathedrale Regina Mundi. Nk’uko ababibonye babivuga, yatwawe mu modoka ifise ibiyo bitabonerana (Vitres teintées).

Amakuru turonse inyuma y’umwanya muto afashwe, kandi yemezwa n’uwo muririmvyi nyene, n’uko yidegemvya, inyuma y’umwanya muto yamaze afashwe.

Umurwi wa Lion Story usanzwe uririmba mu mudiho wa Raggae, ukaba uririmba kenshi ibabazo vy’abanyagihugu bigizwe n’akarenganyo, ubukene, ubutungane, ukwidegemvya n’ibindi.

Benshi mu bagize uwo murwi bari mu buhungiro kuva imyiyerekano yo mu mwaka w’2015 itanguye.

JPEG - 25.5 ko
Paul Bienvenu Niyonzima benshi batazira "Musenyeri" wo mu murwi w’abaririmvyi Lion Story

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.