IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paul KAGAME yabajijwe ikibazo c’Uburundi muri "RWANDA DAY"

Paul KAGAME yabajijwe ikibazo c’Uburundi muri "RWANDA DAY"

lundi 12 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Adrien RUGAMBARARA, ni umwe mu bantu bari bitavye ihuriro ry’Abanyarwanda baba mu mahanga, ryabereye mu gisagara ca Ghent mu gihugu c’Ububirigi. Yambaye imbere ry’igihugu c’Uburundi mu bitugu, yasavye ijambo nawe kugira aganirire umukuru w’igihugu Paul KAGAME hamwe n’abandi bantu isinzi bari mu nyubakwa ya Flanders Expo. Agifata ijambo, umukuru w’igihugu yamusavye ati : "Ariko ntudutware muri poritike z’Uburundi".

JPEG - 92.1 ko
Adrien RUGAMBARARA

Adrien RUGAMBARARA asanzwe aba mu gihugu c’Ubuhorande, ariko akaba nawe yari yishikiye mu Bubirigi ahabereye ihuriro "RWANDA DAY", yavuze ko ashimira umukuru w’igihugu KAGAME ko yakiriye impunzi z’Abarundi mu Rwanda, kandi ko yafashije abakiri bato bakaja mu mashure. Yamusavye ko yofasha n’abandi, amushimira kandi ku bwitonzi yerekanye ko bamubwiye ko "bazomumesa." Rugambarara yamereye inka umukuru w’igihugu Paul KAGAME.

"Mu mico y’iwacu, turatanga inka, mugabo ubu ko nkiri impunzi, mu gihe mu Burundi iwacu hazoboneka amahoro, nzobatwara i Burundi ndabahe inyana."

Umukuru w’igihugu yamwishuye ko akuye ubwatsi, ariko akaba atashoboye kwimwishura ku kibazo yamubajije c’igituma ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko rigera ku kibazo c’Uburundi, ryakora kuri ico kibazo rigasha, kandi ayandi mashirahamwe nk’ubumwe bwa Buraya yarafatiye ibihano Uburundi.

Umukuru w’igihugu Paul KAGAME yishuye ati : "Nari navuze ko ntari buje muri poritike z’i Burundi."


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.