Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Penelope Fillon yahakanye ivyo yagirizwa ko yahembewe akazi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Penelope Fillon yahakanye ivyo yagirizwa ko yahembewe akazi (...)

Penelope Fillon yahakanye ivyo yagirizwa ko yahembewe akazi atakoze

lundi 6 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Penelope Fillon, umugore wa Francois Fillon yiyamamariza kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, yahakanye ivyo akekwako ko yahembewe akazi atakoze ko kuba umuhanuzi w’umugabo wiwe.

Penelope yagrizwa kuba yarahembwe ibihumbi 900 vy’amadorare kuva mu mwaka w’1998 gushika mu 2012, igihe yari umuhanuzi w’umugabo wiwe yari mu nama nshingamateka.

Mu kiganiro yahaye Journal du Dimanche, Penelope yemeje ko akazi yahemberwa yagakoze, kandi ko n’iyo atagahabwa we kari gukorwa n’uwundi.

Kuri ivyo yagirizwa, Penelope Fillon yasavye umugabo wiwe ko atocika intege, akabwira abanyagihugu bamushigikiye ko batocika intege mu nzira barimwo y’ukurondera ko Francois Fillon yotsinda mu matora y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 49.3 ko
Penelope Fillon, umugore wa Francois Fillon yiyamamariza kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa

Fillon azokwitaba ubutungane kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2017 kugira akorweko iperereza ku vyaha vyagirizwa umugore wiwe.

Abatari bake barimwo n’abanyeporitike bakomeye bo mu mugambwe w’aba-republicains Francois Fillon akomokamwo, babandanya kumusaba kureka kwiyamamaza.

Ubushakashatsi bwakozwe bwerekanye ko ibice 71 kw’ijana vy’ababajijwe bipfuza ko Fillon yoreka kwiyamamaza, ndetse abandi bakavuga ko azotsindwa mu gice ca mbere c’amatora kitegekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2017, hakaba hari n’abatanguye kuvuga ko ashobora gusubirizwa na Alain Juppé, yari yatsinze ku majwi 66 kw’ijana, kuri 33 igihe abo bompi bahiganirwa guserukira umugambwe w’aba-republicains.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.