Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Abakenyezi bari mu myiyerekano basaba amasezerano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abakenyezi bari mu myiyerekano basaba amasezerano

RDC: Abakenyezi bari mu myiyerekano basaba amasezerano

vendredi 30 Kigarama 2016

Abakenyezi barenga 20 bari mu myiyerekano imbere y’ahabera ibiganiro bihuza Reta ya Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hamwe n’abatavugarumwe nayo mu gisagara ca Kinshasa,basaba ko basaba ko hoboneka amasezerano ahuriweko na bose.

Bitwaje ivyapa vyanditseko ngo : Ata masezerano abaganira ntimusohoke, canke kandi ngo amasezerano ahuriweko na bose, intango y’amahoro.

Abasenyeri bahagarariye ivyo biganiro bizeye ko haba amasezerano hagati ya Reta n’abatavugarumwe nayo.ayo nayo agafasha guhagarika indyane za politike ziri muri ico gihugu ca Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Umuvugizi w’umurwi w’abahuza ugizwe n’abasenyeri Donatien Nshole yavuze ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama 2016, haba amasezerano canke atayahaba, ibiganiro bitegerezwa kurangira.

Joseph Kabila atwaye igihugu ibiringo bibiri kuva mu mwaka wa 2016, ariko ibwirizwa nshingiro rikaba ritamuha uburenganzira bwo gusubira kwitoza ku kiringo ca gatatu.


IGIHE

Messages

  • Nimukomere banyakubahwa basenyeri kugikorwa muriko murakora, ibisigaye abobategetsi mubatoze indero yo kubahiriza amategeko yigihugu nivyo bishobora kubahesha icubahiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.