Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abantu barenga 20 biciwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abantu barenga 20 biciwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph (...)

RDC : Abantu barenga 20 biciwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Joseph KABILA

mercredi 21 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu barenga 20 biciwe mu mishamirano yabaye hagati y’abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano, i Kinshasa, ku mugwa mukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abo bitavye Imana bariko biyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabira, bamwagiriza gushaka kuguma ku butegetsi kandi ikiringo ciwe caheze, nk’uko bivugwa n’abakozi ba ONU muri ico gihugu. Bamwe mu bapfuye barashwe n’abajejwe umutekano, nk’uko bivugwa n’ababibonye.

Abatavuga rumwe na Joseph Kabira bavuga ko ukwanka kuva ku butegetsi kw’uwo mukuru w’igihugu bisa n’ugutembagaza ubutegetsi.

Akanama kajejwe gutegura amatora karunguruje amatora yari ategekanijwe mu kwezi guheze, kavuga ko hari ibibazo vy’ibikoresho n’uburyo.

Joseph Kabila ubu yashinze Reta mfatakibanza irimwo abashikiranganji 74 bazorangiza ikiringo cabo mu 2018 habaye amatora.

Etienne Tshisekedi, umukuru w’imigambwe itavuga rumwe na Reta ya Kabila, yabwiye abanyagihugu kudashigikira ubutegetsi butemewe n’amategeko. Mu masanamu ya video ari ku rubuga rwa YouTube, Tshisekedi asaba ashimitse abanyagihugu kwiyamiriza mu mutekano ico yise, "ugutembagaza ubutegetsi" gushigikiwe na sentare y’igihugu ijejwe ibwirizwa shingiro.

Iyo sentare yahaye uburenganzira Joseph Kabila, bw’ukuguma ku butegetsi gushika amatora mashasha abaye. Umugambwe uri ku butegetsi nawe ukaba wasavye ko amatora aba mu kwezi kwa kane kw’umwaka w’2018.

Ubutumwa bwa Tshisekedi ntibwabonetse ariko muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho abategetsi bugaye imbuga ngurukanabumenyi, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Joseph Kabila yabaye umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuva se, Laurent Kabila, yishwe mu mwaka w’2001. Yatowe mu 2006, ndetse no mu 2011, ariko ico gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko yivye amajwi.

Abakurikiranira hafi ibibera muri ico gihugu bamenyesha ko mu gihe Joseph Kabila yoguma ku butegetsi, hashobora kwongera kwaduka intambara nk’iyabaye hagati y’umwaka w’1996 n’umwaka w’2003, igahitana ubuzima bw’abantu baharurwa mu miriyoni zitatu.

Kuva ico gihugu kironse intahe yo kwikukira haraciye imyaka irenga 55, nta mukuru w’igihugu n’umwe arashikiriza ubutegetsi ku wumusubiriye mu mahoro n’umutekano.


IGIHE

Messages

  • Abayobozi b imburakimazi babura ico bamarira igihugu ariko ntibabura kugisambura!

  • Niyo mpamvu mvuga nti Rwanda uratuje kandi uratunganiwe

  • baca umugani mu kinyarwanda Ngo uwiyishe ntaririrwa nkabo bajya mu mihanda gihangana nimbunda baba bagirango bapfire nde koko sinarinzi hakiri ibigoryi nkibyo navuka byiyahuye uziko nta mu nyarwanda waba ikigoryi bigeze aho ibyo ubu dusigaye tubyumva mu bagisinziriye ngo barwanye n’amabombe bo bafite amabuye ibi sinanura kubyita ko ari nka abarabu ,,,,kuko ge narinziko injiji kwisi zambere cg ibigoryi byambere ari abarabu bajya kurwana n’abayahudi bafite amabuye nabwo nkabiri ch ane umuyahuzi afite machinigani kandi yicaye mu gifaru (blender ) kumbe ndabona ibigoryi bikiri byinshi

  • Nikobimera Wishe Itegeko Ntiwonanirwa Nokwica Umuntu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.