Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Etienne Tshisekedi yitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Etienne Tshisekedi yitavye Imana

RDC: Etienne Tshisekedi yitavye Imana

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Etienne Tshisekedi atavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yitavye Imana afise imyaka 84 y’amavuko,kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Amakuru ava mu gihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo amenyesha ko Etienne Tshisekedi yitavye Imana ahitanywe n’indwara y’amahaha,aho yari asanzwe ari mu bitaro i Bruxelles,ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububiligi.

Etienne Tshisekedi ni umwe mu batavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo vyari vyitezwe ko ashobora kugenwa mu mabanga akmeye mu gihugu,inyuma y’ibiganiro birik bihuza Reta n’abatavuga rumwe nayo.

Etienne Tshisekedi azwi cane kuko yarwanije umukuru w’igihugu Mobutu n’abandi bagiye barakurikirana kurongora igihugu abasaba kwubahiriza intwaro rusangi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.