Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Imitima iri mu kirere, ntawuzi ikiza kuba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Imitima iri mu kirere, ntawuzi ikiza kuba

RDC : Imitima iri mu kirere, ntawuzi ikiza kuba

lundi 19 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Amatati ya poritike arabandanya muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu gihe umukuru w’igihugu Joseph Kabila arangiza ikiringo ciwe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 19 Kigarama, nk’uko bitegekanijwe n’ibiwirizwa shingiro ry’ico gihugu.

Ibiganiro vyo kurondera inyishu hagati ya Reta n’abo batavuga rumwe vyarungururijwe ku rindi sango mu ndwi iheze, inyuma y’uko binaniranye ko bashika ku masezerano.

Bitegekanijwe ko ivyo biganiro birongowe n’abasenyeri ba Ekleziya Katolika, bisubira kuba kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kwa cumi na kabiri.

Hari Ubwoba ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuri munsi wa mbere, abayoboke b’imigambwe itavuga rumwe na Reta biyamiriza umukuru w’igihugu Kabila bamusaba ko yova ku butegetsi.

Abatavuga rumwe na Reta bagiriza umukuru w’igihugu Kabila ko ariwe afise uruhara runini muri ayo matati, mu gushaka kuguma ku butegetsi.

BBC ivuga ko abantu barenga 50 bishwe mu myiyerekano y’abatavuga rumwe na Reta mu kwezi kw’icenda.

Abapolisi batatu nabo nyene bariciwe muri iyo myiyerekano.

Umukuru w’igihugu Kabila yavuze ko azoguma ku butegetsi kubera amatora atabaye igihe yari ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, ku buryo ubu atawomusubirira.

Abasirikare n’abaporisi bagavye ku mugwa mukuru Kinshasa, babonye abantu barenga cumi bakoranye bakaba baca babashwiragiza. Aho ni mu gihe imitima iri mu kirere hibazwa ko hashobora kuba iyindi myiyerekano.

Reta yategetse amashirahamwe y’itumatumanako gupfunga imbuga zose ngurukanabumenyi, kandi guhana bikomeye abahirahira bagakora imyiyerekano.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru Lambert Mende yabwiye BBC ati : ”Kabila azoguma ku butegetsi gushika umukuru w’igihugu mushasha atorwe. Nta kindi gishobora gukorwa. Hagize umuntu ashaka gutera umudugararo aha mu gisagara, arahura n’igiporisi nk’uko bisanzwe bikorwa no mu yindi mihingo y’isi.”

Amatora yungururijwe mu 2018, ingingo abatavuga rumwe na Reta banegura bavuga ko ari amayeri y’umukuru w’igihugu Kabila yo kuguma ku butegetsi.

Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, ikiringo ca kabiri ca Kabila yagiye ku butegetsi inyuma y’igandagurwa rya se wiwe Laurent Kabila mu 2001, categerezwa kurangira kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 19, hanyuma umukuru w’igihugu mushasha agatangura amabanga yiwe igenekerezo rya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Kuva igihugu ico gihugu kironse intahe yo kwikukira haraciye imyaka irenga 55, nta mukuru w’igihugu n’umwe arashikiriza ubutegetsi ku wumusubiriye mu mahoro n’umutekano.


IGIHE

Messages

  • Abakongomani icobazohitamwo nicobazoronka,gupfa no kubaho nibahitemwo.kujamumabarabara baricwa ntakabuza—babiretse bagahitamwo kwumvikana bazobaho .mbipfurije guhitamwoneza kuko wankabangwe ntiwanka zanandabe ukobakugize.

  • ETIENE kisekedi rekz kugumura anyagihugu kuko umwàka umwe usigaye simyishi hakagira abazohasiga ubuzima niwewe uzobibazwa kuko niwewe uzobizwa . kuko nawe nano wojako ntaco uzobamarira ninda ndende yawe ugomba. gushirimbere twara bahinyuye

  • Burya Na Afric Yasaze Abakuru Bibihugu boso Nimpaka Baterintanara?Kiretse Kikwete Gusa Watanzaniya!

  • mbe abakuru bibihugu vy afrika bamabashak amaraso yabanyagihugu babo bahejeje kuyanwa iherezo kupfa nabi cagwa mubutungane

  • Afrika yacu yahumanye uko, abitwa ngobiswe rwaba perezida bumvise kwikiringo cabo kigiye kurangira umutima ugomba kubaca mukanwa ngusohoke ugatangirwa ninkingi zururimi. Muzomfashe kuraba, nibarukubera zirya ngoma zibatwara ubwenge sinzi, novuze ngo niburyabuhera baronka bubatwara ubwenge,amahera baba barivye bakarwiza namwe murabizi ukobakora!, none nibiki bibica mumitima? nimwibaze namwe muheze mumpe inyishu ikibituma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.