Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Joseph Kabila yahakanye gushira umukono ku masezerano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > RDC: Joseph Kabila yahakanye gushira umukono ku masezerano

RDC: Joseph Kabila yahakanye gushira umukono ku masezerano

vendredi 30 Kigarama 2016

Umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Joseph Kabila amenyesha ko atagiye gushira umukono ku masezerano yo kugabangana ubutegetsi hagati yaw n’abatavugarumwe na Reta.

Inyuma yaho abasenyeri katorika bamenyesheje ko inyuma y’iminsi icumi hagiye guterwa umukono ku masezerano atuma haba intwaro rusangi izofasha gutunganya amatora atekanye kandi yitabwe na bose ,umukuru w’igihugu Joseph Kabila yarabakuriye inkoni ku gishitsi aho yababwiye ko agiye gutunganya amatora aho abanyagihugu bazokwemeza canke bahakane ko ibwirizwa nshingiro ryohinduka.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama 2016,niho vyitezwe ko ibiganiro birangira ariko nta cizere co gushira umukono ku masezerano yotuma igihugu kironka amahoro.

Abashigikiye umukuru w’igihugu Joseph Kabila baramaze gutangura igikorwa co kwegeranya imikono yo kwemeza nimba ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ryohinduka.

Abadashigikiye ubutegetsi bwa Joseph Kabila umukuru w’igihugu babicishije mu myiyerekano barerekanye ko badashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyaheze kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.