IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Moïse Katumbi ashobora kutitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

RDC : Moïse Katumbi ashobora kutitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

vendredi 23 mars 2018

Ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ntiryemerera uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ri kuba afise ubwenegihugu bubiri, ibishobora gutuma Moïse Katumbi ataronka ubwo burenganzira.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique, amenyesha ko San Vito dei Normanni, igisagara co mu bumanuko bw’Ubutariyano cemeye ko, Moïse Katumbi yabaye umwenegihugu w’Ubutariyano kuva mu mwaka wa 2000 gushika mu mwaka wa 2017, yitwa izina rya Moïse Katumbi d’Agnano.

Hari haciye igihe kitari gito hanugwanugwa ko Moïse Katumbi afise ubwenegihugu bubiri, inyuma y’ivyo vyemezo, ivyari mu gifuri vyagiye ahabona.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.