IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC:ONU yagirije abajejwe umutekano kwica abari mu myiyerekano

RDC:ONU yagirije abajejwe umutekano kwica abari mu myiyerekano

mardi 20 mars 2018

Ico gisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu,kivuga ko izo nzego zijejwe umutekano zishe abo bantu mu mwaka uheze wa 2017, zikagerageza kubihisha mu gutwara ibiziga vyabo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, hari urwandiko ruvuga ko abajejwe intwaro muri Kongo bakoze ibishoboka vyose kugira banumye abatavuga rumwe nabo, bikaba bikenewe ko haba vuba cane itohoza ataho ryegamiye.

Harabaye ibikorwa vyinshi vy’imyiyerekano mu gihugu ca Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo kuva aho umukuru w’igihugu, Joseph Kabila, yankiye kuva ku butegetsi ikiringo ciwe giheze, haciye imyaka ibiri.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.