IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : ONU yatoye ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga

RDC : ONU yatoye ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga

vendredi 27 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bivuga ko abantu barenga amajana abiri na mirongo itandatu bagandaguwe kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, 91 muribo bakaba bari abagore.

Ayo makuru ya BBC, avuga kandi ko, ONU ivuga ko ibigwati ijana na mirongo ibiri vyasahuwe biranasamburwa, mu ndwano hagati y’amako y’aba Hema n’aba Lendu, kandi benshi mu bishwe n’abo mu bwoko bw’abahema.

Ku ruhande rwa Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bemeza ko ata kinogo na kimwe bazi catawemwo abantu ikivunga muri ako karere.

Amoko y’aborozi b’aba Hema hamwe n’abarimyi b’aba Lendu yama mu ndyane gushika naho habamwo ubwicanyi, bivuye ku matati y’amatongo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.