Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Umunsi wo gutahukana mu gihugu Ikiziga ca Etienne Tchisekedi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Umunsi wo gutahukana mu gihugu Ikiziga ca Etienne Tchisekedi (...)

RDC: Umunsi wo gutahukana mu gihugu Ikiziga ca Etienne Tchisekedi wamenyekanye

mercredi 1er Ntwarante 2017

Inyuma y’impari ku bijanye n’itahukanwa ry’ikiziga ca Etienne Tshisekedi atavuga rumwe na Reta ya Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kigiye gutahukanwa mu gihugu kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante, umwaka wa 2017.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukenyezi wa Etienne Tshisekedi hamwe n’uwo bavukana Musenyeri Gérard Mulumba ryemeza ko kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante ,umwaka wa 2017 ariho ikiziga ca Musenyeri Gérard Mulumba kizoshika mu gihugu.

Muri iryo tangazo, abo mu muryango wa Musenyeri Gérard Mulumba bamenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’ibiganiro hagati y’umuryango wa Etienne Tshisekedi hamwe n’umugambwe yari arongoye UDPS.

Iryo tangazo rimenyesha ko umuryango wa Etienne Tshisekedi watoye ko ikiziga cshingurwa mu kibanza citwa La Gombe, ariko igenekerezo ryo kumushingura rizomenyeshwa hanyuma.

Etienne Tshisekedi yitavye Imana kw’igenekerezo rya 1 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, mu bitaro vyo mu gisagara ca Sainte Elizabeth mu gihugu c’Ububiligi aho yari arwariye indwara y’amahaha.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.