IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’amasase

Rumonge: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’amasase

samedi 17 Ruheshi 2017

Nk’uko amakuru ava mu barongoye intwaro abimenyesha, uwo yaraye yitavye Imana azwi kw’izina rya SINGIRANKABO Candide, yitavye Imana yari mu bunywero bw’uwitwa NIYOMWUNGERE Jean Claude buri ku gacimbiri Kiganza, Komine Burambi, intara ya Rumonge.

Amakuru ava mu giporisi mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko SINGIRANKABO Candide yahitanywe n’amasase barashe agaca mu muryango w’ubunywero, ariko ko ata kindi kintu na kimwe cibwe.

Mu giporisi aho mu ntara ya Rumonge, bamenyesha ko abantu batatu bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.