Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Umunyororo yakomerekejwe n’amasase muri yegereyegere yabaye (...)
Rumonge: Umunyororo yakomerekejwe n’amasase muri yegereyegere yabaye mw’ibohero
jeudi 23 Ruhuhuma 2017
Umupfungwa umwe niwe yakomerekejwe n’amasase yarashwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Rumonge, igihe abapfungwa bari bari muri yegereyegere banka ko abapfungwa batanu bimurirwa mu rindi bohero.
Amakuru ava mu begereye ibohero rya Rumonge amenyesha ko ayo masase yumvikanye nk’igihe c’isaha zitandatu n’igice igihe abapolisi barasa amasase y’ukuri mu bapfungwa bariko biyamiriza ko bagenzi babo batanu harimwo uwahora ajejwe umutekano w’abapfungwa muri iryo bohero bajanwa mu rindi bohero.
Amakuru ava aho mw’ibohero rya Rumonge amenyesha ko abapfungwa bagiriza Michel NURWEZE batazira Rwembe nawe asanzwe apfungiwe muri iryo bohero ko ari inyuma y’iryo hindurirwa ry’ibohero ryakorewe abo bapfungwa.
Gushika abo bapfungwa basohorwe ibohero rya Rumonge, baba abandi bapfungwa canke umuyobozi w’ibohero rya Rumonge nta numwe yari bwamenye amabohero narungitswemwo.
Ibikorwa kw’ibohero rya Rumonge bikaba vyaciye bihagarara kubera abakozi bakora kw’ibohero baciye bahunga batinya amasase.
IGIHE
Messages
23 Ruhuhuma 2017, 15:58, par kamaro
none abanyororo nibobanga amategeko yingene abandi banyororo bunguruzwa? e baribagumutse, ahubwo abobaporisi ntibazi kurasa barikubarasa bikaberabandi akarorere.urabona?
23 Ruhuhuma 2017, 17:06, par Inkuridakwiye
Iyinkuru namba atarurugirankana yanditwe ukutariko.
Abayisomye muronderere ahandi ukuri nyakwo nayaha vyishi birabononera mumutwegusa.
24 Ruhuhuma 2017, 09:10, par NDI MUBANDI
EMWE NONE GWEMBE AGUMA AKORA IBIBI HOSE?
24 Ruhuhuma 2017, 10:17, par Kajagari
Iyo nkuru irafobetse! None kwimura abapfungwa ivyo biratuma haca haba imigumuko? Nimubivuge neza.
24 Ruhuhuma 2017, 19:55, par Gwembe
Ninde Yakubwiye Ko Hakomeretse 1 ? Ninde Yakubwiye Ko Bagumutse Kubera Himuwe Uwujejwe Umutekano W Abanyororo? Ba Mutanga Amakuru Mwatohoje!
28 Ruhuhuma 2017, 13:17, par Emelyne
Abapfungwa Ndababwiye Courage Bazohore Bashigikira Hanyuma Abapolisi Nabo Bamenye Ko Bambaye Umubiri Sinumva Ingene Borasa Abantu Atankoho Bafise Kandi Bugaranwe Burya Umusi Imana Yahindukije Uruhigi Ihii! Ntacomvuze.M Rira Bien Qui Rira Le Dernier