IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Umunyororo yakomerekejwe n’amasase muri yegereyegere yabaye (...)

Rumonge: Umunyororo yakomerekejwe n’amasase muri yegereyegere yabaye mw’ibohero

jeudi 23 Ruhuhuma 2017

Umupfungwa umwe niwe yakomerekejwe n’amasase yarashwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Rumonge, igihe abapfungwa bari bari muri yegereyegere banka ko abapfungwa batanu bimurirwa mu rindi bohero.

Amakuru ava mu begereye ibohero rya Rumonge amenyesha ko ayo masase yumvikanye nk’igihe c’isaha zitandatu n’igice igihe abapolisi barasa amasase y’ukuri mu bapfungwa bariko biyamiriza ko bagenzi babo batanu harimwo uwahora ajejwe umutekano w’abapfungwa muri iryo bohero bajanwa mu rindi bohero.

Amakuru ava aho mw’ibohero rya Rumonge amenyesha ko abapfungwa bagiriza Michel NURWEZE batazira Rwembe nawe asanzwe apfungiwe muri iryo bohero ko ari inyuma y’iryo hindurirwa ry’ibohero ryakorewe abo bapfungwa.

Gushika abo bapfungwa basohorwe ibohero rya Rumonge, baba abandi bapfungwa canke umuyobozi w’ibohero rya Rumonge nta numwe yari bwamenye amabohero narungitswemwo.

Ibikorwa kw’ibohero rya Rumonge bikaba vyaciye bihagarara kubera abakozi bakora kw’ibohero baciye bahunga batinya amasase.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.