IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Rumonge : Umwigisha yagirizwa ugushaka gushurashuza umwana yigisha

Rumonge : Umwigisha yagirizwa ugushaka gushurashuza umwana yigisha

mardi 13 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mwigisha yagirizwa ugushaka gushurashuza umwana w’umwigeme asanzwe yigisha, yafashwe n’igiporisi kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 11 Ruheshi 2017 mu nyubakwa iri hafi ya paruwasi ya Rumonge aho yariko aganira n’uwo mwigeme mu mwanya muto bamaranye, basohotse imisa, nk’uko bivugwa n’uwagirizwa ico caha.

Ubuyobozi bw’ishure uwo mwigisha asanzwe arangurirako imirimo busaba ko yohanwa bimwe vy’akarorero hisunzwe amategeko, kuko yafatanywe itonga, muri iyo nyubakwa iri hafi ya Paruwasi Rumonge.

Umwigisha Leopold Mugabaranoga yagirizwa ico caha arahakana ivyo birego vyose, akamenyesha ko umuyobozi w’ishure yigishako ariwe ari inyuma y’ivyo yita "irementanya", akamwagiriza kandi ko ariwe yatunganije ivyo vyose kuko basanzwe batumvikana ku kazi. Umwigisha Leopold Mugabaranoga asaba ko uwo muyobozi wiwe yorengutswa nawe mu butungane.

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya ITEBA mu ntara ya Rumonge yabwiye ikinyamakuru IGIHE ataco bapfa n’uwo mwigisha mu kazi, agasaba ubutungane ko bwokora kuri ico caha c’ugushaka gushurashuza umunyeshure wo kw’ishure arongoye.

Leopold Mugabaranoga arumvirizwa n’ubutungane ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Nimba arivyo atari rementanya ubutungane nibukore

  • Yafatanywe itonga? Vyaje gute? None uwo ayoboye iryo shure niwe yatumye uwo mwigeme ahinduka itonga? Uwo mwigisha n’areke ubutungane bukore. Kuko iyo ufatanywe itonga rizi kwivugira, vyogorana kugirango bakurenganye? Ntabwo ar’itonga ry’ibitoke yafatanywe canke ry’ ibiharage. N’itonga rivuga kandi ryumva, rizobidadanura.

  • Yafatanywe itonga? Vyaje gute? None uwo ayoboye iryo shure niwe yatumye uwo mwigeme ahinduka itonga? Uwo mwigisha n’areke ubutungane bukore. Kuko iyo ufatanywe itonga rizi kwivugira, vyogorana kugirango bakurenganye? Ntabwo ar’itonga ry’ibitoke yafatanywe canke ry’ ibiharage. N’itonga rivuga kandi ryumva, rizobidadanura.

  • none Birabujijwe Ko Umwigisha Aganir Numunyeshur? Iyo Basanga Baryamany Niho Bovyit Itong .Uwo Murez Ararengan

  • Ndiko ndumva muvuga ngo bareke ubutungane bukore ndatangara pe! Ubutungane mwebwe mububona he mu Burundi?

    Ikosa riri hehe iyo mwarimu aganirije uwo yigisha? Vyoteye ingorane iyo bavuga ko babasanze bambaye ubusa sinon j’y vois de la connerie d’injustice (je veux dire IREMENTANYA)!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.