Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi: Umugabo yishwe n’ababanyi yagirizwa uburozi
Ruyigi: Umugabo yishwe n’ababanyi yagirizwa uburozi
lundi 12 Ruheshi 2017
Amakuru ava mu bajejwe intwaro ku mutumba amenyesha ko Gabriel BASITA w’imyaka irenga 60 y’amavuka yishwe mw’ijoro buca ari kuw’Imana igenekerezo rya 11 Ruheshi 2017 akubiswe ubuhiri n’ababanyi biwe.
Ayo makuru nyene amenyesha ko abantu barenga icumi bagirizwa kugira uruhara muri ubwo bwicanyi bamaze guhagarikwa, kandi bapfungiwe mu giporisi ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi.
Abajejwe intwaro ku mutumba wa Kirambi aho uwo yishwe yaba bakavuga ko umukenyezi wa Gabriel BASITA nawe yakomeretse akaba ariko aravurwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
13 Ruheshi 2017, 22:27, par Joe Burundi
ndumva ruyig yacu yatanguy kubamw ubwicanyi