IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > SOS-Torture Burundi : Abantu bane barishwe mu ndwi iheze

SOS-Torture Burundi : Abantu bane barishwe mu ndwi iheze

mardi 13 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bane nibo bishwe, abandi baharurwa muri 21 barahagarikwa, nk’uko tubikura mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi co kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 10 Nyakanga 2016.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture Burundi kivuga ko muri abo bantu bishwe, babiri batowe mu ruzi Rusizi, ibiziga vyabo bireremba, bikaboneka ko batawe mu ruzi inyuma y’ukwicwa.

Nk’uko tubikura kandi muri ico cegeranyo, benshi muri abo bantu baharurwa muri 21 bahagaritswe n’abaporisi ntiberetswe imitahe ibarondera, muribo hakaba harimwo kandi abanywanyi bane ba FNL iyoboka Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi riranegura ibiheruka gukorwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho hari abanyororo bakuwe mw’ibohero mw’ijoro ababafasha kuburana batabimenyeshejwe, bajanwa gupfungirwa ahandi, mw’ibohero rya Gitega na Rumonge.


IGIHE

Messages

  • Nkitanguragusoma nagira irishirahamwe niryifuriza ineza uburundi nabarundi ariko rimaze gutoramwo bamwe tukavuga ngo bava mumugambwe uyunuyu abandi ntibadondagure imigambwe bavamwo nciyemenya kwarishirahamwe rigenzwa nokubiba imigumuko GUKOKEZA. Mutigute? Murabisanga mwakuryakuvuga ngo abantubane mubafashwe nabanwanyi ba FNL bokwa RWASA icegera cambere cinama nshingamateka, ariko ntiyavuga abobandi bafashwe ahobakukira, icobashaka sikindi bashaka aba FLN mu Burundi bagumuke ivyonavyo ntibaziko aba FNL twamaze kumenya ko aboduhanganye kwarayo mashirahamwe kuvakera yabona abavyeyi bacu nabasokurubacu barikobaricwa ariko ntavuge none uyumusi abonye tutashize agashaka twebwe mpfumvyi twasigaye guturyanisha ivyonavyo tumaze kubona kobituma babona ko turibijuju tworoshe guhenda.

  • Rwose twe ahangaha mu Rwanda kuva hatangura ukwezi kwa 8 gushika ubunhubu taliki 13/9/16 hishwe abaturage 9 hashirwa muri gereza abaturage 71 kandi turimubihugu birangwamo Amahoro!. None u Burundi buzwikw’Isi yose kuburi mubihuguvyambere kw’Isi birimuntambara bupfisha abantu bake mukwezi gusumbya u Rwanda rurimumahoro!!!???

  • @Simbikangwa Jean!itonde utazakubitwa nibyo utazi,ugakangwa n’umutingito utazi aho uvuye,itondere ibyo binyoma uri kuvuga, icyo n’icyaha gihanwa n’amategeko

  • Ubwosha UNSTRONG RWANDA urinubwenge bukwiye?
    Urashoborakuvuga ngondabeshya kandi bamwe mubishe abaturage barimbere inkiko!

  • @simbikangwa plz ! Yakwenu sisi hayatuhusu sithani kama mtu akisema Burundi kwako unasikia Rwanda! UZUSHI MTUPU! Fanya ufanyalo, binuka lakini skio halizidi kicwa.sijui faida gani!,
    mjiheshim bwana hapa kwetu Kazi tu!

  • Rwasa ya kurikiye ubwije narindire bazobamumarako bose asigare aderemba nkagati kari muruzi, munyuma bazocisha kumunwa wepfo rwasa nawe. Ntibaramutahura uwu mugabo wingozi bakurikiye numwicanyi karuhariwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.