IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Sendika SEPEDUC yerekanye amakenga ku bukene bw’ibitabo mu mashure (...)

Sendika SEPEDUC yerekanye amakenga ku bukene bw’ibitabo mu mashure nshingiro

mardi 9 janvier 2018

Gerard NIYONGABO arongoye SEPEDUC avuga ko amasaha umunani abanyeshuri basabwa kwiga ku munsi ari menshi, bigatuma haba amasaha atatu ya nyuma biga biboneka ko barushe.

Umukuru wa Sendika SEPEDUC amenyesha ko hejuru yo kuba umwanya wo kwiga warongerejwe, n’intambayi y’ubukene bw’ibitabo idakwiye gufatwa minenerwe, kuko bishobora guhungabanya urutonde rw’ivyigwa.

Ati :« Ibitabo vyo mu gice ca kabiri c’ishuri nshingiro ntibiraboneka. Ku kirangaminsi c’ivyigwa dutegerezwa gucererwa, kuko naho vyoboneka vuba, bidusaba gutegura ivyigwa. »

Gerard NIYONGABO avuga ariko ko kuri izo ngorane zose, bafise icizere ko ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi buriko burakora kugira zitorerwe inyishu.

JPEG - 153.1 ko
Gerard NIYONGABO, arongoye sendika SEPEDUC

« Twizeye ko ubushikiranganji buriko burasubiramwo ingingo yo kwongereza amasaha y’ivyigwa, kandi ko bazi mu bushikiranganji bazi ko hari ubukene bw’ibitabo, twizeye ko buriko burakora. »

Mwomenya ko haheze indwi imwe gusa, igice ca kabiri c’amashuri gitanguye, ariko mu bice bimwe vy’igihugu, bikavugwa ko hari ivyigwa bitigishijwe kubera ubukene bw’ibitabo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.