IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare y’i Muramvya niyo iriko itohoza ku nyuruzwa rya Jean (...)

Sentare y’i Muramvya niyo iriko itohoza ku nyuruzwa rya Jean BIGIRIMANA

vendredi 30 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Amatohoza kw’inyuruzwa n’iburirwa irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU ariko akorerwa muri sentare y’i Muramvya. Ubutungane bw’Uburundi bumenyesha ko buzokorera no ku matohoza yakozwe n’ikinyamakuru IWACU, kw’inyuruzwa ry’uwo mumenyeshamakuru.

Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa asaba n’abandi bose boba bafise amakuru ku bijanye n’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA ko boyatanga kugira ashikirizwe sentare y’i Muramvya iriko ikora ayo matohoza. Agnes BANGIRICENGE avugira sentare ntahinyuzwa amenyesha ko ayo matohoza niyahera ariho urubanza rwo mw’ido n’ido ruzoca rutangura kuburanishwa.

JPEG - 254.5 ko
Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa

Amezi abiri n’iminsi umunani niy aheze atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU. Inzego z’umutekano z’Uburundi zamenyesheje ko atarizo zafashe uwo mumenyeshamakuru.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

JPEG - 128 ko
Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yamenyesheje ko yumvise amakuru yavuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Muramvya, ariko muri uwo murwi bakavuga ko ata gasho k’igendereza kazwi kari i Muramvya.


IGIHE

Messages

  • ikinyamakuru igihe.bi/ komutatumenyesheje urubanza iryasentare yafrika iheruka guca kubijanye nivyokwitoza kwaseburundu NKURUNZIZA? nimudutohoreze tumenye urwo baciye muzoba mukoze

  • None ubu niho bakiva mwitiro bakibuka ko amatohoza ageze? Canke nukwereka ONU ko basanzwe bakora neza. Ayo matohoza nayo kwiyeza. Niyo naho yaba mumenye ko dd ishoboka gusacrifia quelques policiers kugira bagarure umwizero namakungu kuko ivyo Martin Nivyaba ndi yavuye bategerezwa kwerekana ko arivyo ( ngo imanza zose ziri mumatohoza).Rero murino minsi les petite policiers ni tour yanyu kugira hakingirwe ibihangange.

  • urwa bigirimana nirwo ruzoca rucibwa imbere yizindi nibareke guhenda amakungu noneho ntawuhungira imvura mumuvo,

  • Uwobaramuriye namwe ntimuzi ukobakora abomwigendereza.

  • ariko nosaba ko barya bantu batowe ibiziga ko bitohereraho ngo nuko atari uwo mumenyeshamakuru guko nabo nyene bari abantu nkabandi.ndashimiye umukuru wigihugu mu kugarukana amahoro mugihugu ibice 98%

  • Ngo amatohoza??yaco muduhenda, yishwe na Leta y’i Burundi c’est tout

  • Igihe.bi ko mutavuga ko Umumenyeshamakuru Egide Mwemero yaraye arekuwe na RDC?ntakiri k’ubutaka bwa RDC bravo Egide, Imana ishimwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.