Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Umurwi ukora amatohoza ku bitero vy’ubumara nturemererwa kwinjira (...)
Siriya : Umurwi ukora amatohoza ku bitero vy’ubumara nturemererwa kwinjira aho vyabereye
mardi 17 avril 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko uwo murwi mvamakungu ukora amatohoza,uri mu gihugu ca Siriya kuva ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, ariko nturemererwa kwinjira i Douma, ahabereye ico gitero.
Igitero cabaye hakoreshejwe ibirwanisho vy’ubumara, cabaye kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2018, inyuma y’indwi imwe gusa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa , bica bigira igitero kuri Siriya.
Igihugu ca Siriya n’Uburusiya bagumye bahakana ko ata gitero c’ubumara cabaye, Uburusiya mbere bwavuga ko ibivugwa ari ivyateguwe.
MUGISHA Van Naris
Messages
19 avril 2018, 09:31, par Bukuru
Babuze kubisuzuma batarabatera none ububahindura iki.?