Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalia : Amatora y’umukuru w’igihugu ashobora guhungabana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia : Amatora y’umukuru w’igihugu ashobora guhungabana

Somalia : Amatora y’umukuru w’igihugu ashobora guhungabana

jeudi 15 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi wigenga ujejwe gutorera inyishu amatati afatiye ku matora muri Somaliya wahakanye abashingamateka 11 batowe mu matora yabaye kw’igenekerezo rya gatandatu z’ukwezi kwa Kigarama.

Uwo murwi usigura ko ayo matora yabayemwo utunenge kandi ko humvikanye amasasu muri kimwe mu bibanza vy’amatora.

Nk’uko VOA ibivuga, uwo murwi utangaza ko habaye imyidogo myinshi ivuga ko amajwi yaguzwe kandi ko habaye iterabwoba ku banyagihugu bitavye amatora.

Muri uwo murwi bamenyesha kandi ko ibiro vy’umukuru w’igihugu Hassan Sheikh Mohamoud wa Somaliya navyo nyene biregwa kuba vyarabigizemwo uruhara, ariko umukuru w’igihugu Mohamoud akaba ataco arashikiriza kuri ivyo birego.

Ugutevya itorwa ry’abashingamateka bishobora gutevya itunganywa ry’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 28 Kigarama uwu mwaka.

Mwomenya ko inama nshingamateka ariyo itora umukuru w’igihugu, kandi itorwa ryiwe rimaze kwigizwa imbere incuro zitatu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.