Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalia: ONU imenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: ONU imenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe (...)

Somalia: ONU imenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe n’inzara

mercredi 1er Ntwarante 2017

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe n’inzara mu gihugu ca Somaliya.

Nkuko bishikirizwa n’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abantu barenga igice c’abanyagihugu bo mu gihugu ca Somaliya nibo bageramiwe n’uruzuba hamwe no kubura ibifungurwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ibintu bimeze nabi na cane cane mu Buraruko bw’igihugu , aho ibifungurwa hamwe n’igitigiri c’ibitungwa vyagabanutse bikomeye kubera uruzuba rwatse mu mwaka uheze wa 2016.

Mw’ijambo yashikirije kuwa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, umukuru w’igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajoyasavye amakungu kwongereza imfashanyo vyihutirwa.

Mu mwaka w’i 2011, abantu bashika ibihumbi amajana abiri nibo bahitanywe n’inzara mu gihugu ca Somaliya.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.