Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Abarwanyi 57 ba Al-Shabab bishwe n’igisirikare ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abarwanyi 57 ba Al-Shabab bishwe n’igisirikare ca (...)

Somaliya : Abarwanyi 57 ba Al-Shabab bishwe n’igisirikare ca Kenya

vendredi 3 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Igisirikare ca Kenya cavuze ko ingabo zaco zishe abagwanyi 57 bo murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu (Al-Shabab), mu ngwano yabereye mu bumanuko bwa Somalia ku munsi wa gatatu, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryanditse kuri Twitter.

Abasirikare ba Kenya bakorera aho muri Somaliya kw’izina ry’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika mu murwi Amisom bakoresheje ibigwanisho bikomakomeye hamwe naza kajugujugu, mu guhangana n’abo bagwanyi hafi ya Afmadow, igisagara kiri ku birometero 100 uvuye ku kivuko ca Kismayo.

Itangazo ry’igisirikare ca Kenya rivuga ko hari n’abandi barwanyi benshi bakomeretse.

Ku ruhande rwa Al-Shabab, barahakana, bakavuga ko ata mugwanyi n’umwe wabo yishwe muri ico gitero.

Mu kwezi kwa mbere mu 2016, abo bagwanyi ba al-Shabab barateye ikirindiro c’abasirikare ba Kenya muri Somalia aho bivugwa ko bishe abasirikare 100.

Ubutegetsi bwa Kenya burahakana ico gitigiri, naho nyene ubwo butegetsi bwa Kenya bukaba butigeze bushaka kuvuga igitigiri c’abasirikare baco baguye muri ico gitero.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.