IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Somaliya : Abasirikare b’Abarundi bakozweko igitero

Somaliya : Abasirikare b’Abarundi bakozweko igitero

mercredi 8 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bakozweko igitero n’abarwanyi ba Al Shabab, hagati mu gisagara kuri uwu wa kabiri. Amakuru ava muri Somaliya avuga ko abasirikare 12 mu bariko barakizura nibo bakomerekejwe n’igisasu, babiri muribo baca bitaba Imana, ivyo mu gisirikare c’Uburundi batemeza.

Igisirikare c’Uburundi kiremera ko abasirikare b’Abarundi batewe, ariko bakavuga ko abasirikare icenda aribo bakomeretse, batatu muribo akaba aribo bakomeretse bikomeye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zitanu kuri uwu wa kabiri, abasirikare b’Abarundi bakaba barasanye n’abarwanyi ba Al Shabab mu kiringo c’iminota mirongo ibiri.

JPEG - 79.3 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Abanyagihugu baba mu micungararo y’ahabereye ico gitero bagiriza umugwi al-Shabab ko ariwo wakoze ico gitero, kuko wari wagabishije kuzodurumbanya amatora yatanguye muri ico gihugu.

Muri ico gihugu ca Somaliya, bari mu matora y’umukuru w’igihugu kuri uwu wa gatatu, hakaba hafashwe ingingo zikomeye z’ugucungera umutekano. Abanyamiduga basabwe kutinjira mu gisagara ca Mogadishio, amabarabara nayo arugagwa kubera ayo matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe. Uwatsinze amatora akaza kumenyekana kuri uwu wa gatatu ku mugoroba.

Abakandida barenga 20 nibo bagwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu, batatu ba mbere bagasabwa kuja mu matora ya kabiri, babiri ba mbere muribo bakaja mu matora ya gatatu ari nayo ya nyuma.

Umukuru w’igihugu w’ubu Hassan Sheikh Mohamud ari mu bitoza, bikavugwa mbere ko ashobora kuja muri ayo matora ya nyuma.

Ayo matora abera ku kibuga c’indege [ikibanza conyene cizewe ku mutekano], abashingamateka bagahuriraho kugira batore umukuru w’igihugu mushasha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.