Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudan y’Ubumanuko: Abatanga infashany bahagaritse kuzitanga kubera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudan y’Ubumanuko: Abatanga infashany bahagaritse kuzitanga kubera (...)

Sudan y’Ubumanuko: Abatanga infashany bahagaritse kuzitanga kubera intambara

jeudi 2 Ruhuhuma 2017

Amashirahamwe atanga infashanyo ku banyagihugu bahunze intambara mu gisagara ca Wau Shilluk,bahagaritse ico gikorwa kubera ingwano zabaye hagati y’abasirikare ba Reta ya Sudani yo mu Bumanuko n’imirwi iyirwanya.

Amakuru ava mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho abimukira amenyesha ko izo ntambara zatanguye mu gihe ryariko riratunganya intonde z’abakeneye imfashanyo,bikaba vyabaye ngombwa ko rikura abakozi baryo muri ako karere.

Iryo shirahamwe ryitaho abimukira rivuga ko ryari rimaze kwakira abashika ku bihumbi mirongo ibiri, mu kiringo c’indwi imwe, mu kwezi guheze kwa mbere. Abababa ibihumbi bitatu bakaba batari bwashirwe ku ntonde z’abimukira.

Olivia Hoedon, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ryitaho abimukira, amenyesha ko iryo shirahamwe ryariko ritanga imfashanyo igizwe n’ibikresh vy kuvura ,hamwe n’ibindi bikoresho abimukira bakenera.

Amakuru ava mu gihugu ca Sudani yo mu Bumanuko amenyesha ko izo ntambara zatanguye kw’igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017, mu Bumanuko bw’igisagara ca Wau Shilluk.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.