Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Trump : "Ivyo CIA yemeje ko Uburusiya bwamfashije gutsinda biratwengeje" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Trump : "Ivyo CIA yemeje ko Uburusiya bwamfashije gutsinda biratwengeje"

Trump : "Ivyo CIA yemeje ko Uburusiya bwamfashije gutsinda biratwengeje"

lundi 12 Kigarama 2016, par Jean De Dieu

Donald Trump yatowe kuzorongora Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje ko ivyemejwe n’ibiro CIA bijejwe igendereza muri Amerika ko Uburusiya bwamufashije gutsinda amatora bitwengeje.

Ivyo yabitangarije ku mboneshakure Fox News y’aha muri Amerika kuri uwu w’Imana. Trump yavuze ko aho kwagiriza Uburusiya bakwiye nyabuna kwiyumvira ko n’ibindi bihugu canke abandi bantu muri Amerika aribo boba barabikoze.

Inkuru dukesha VOA ivuga ko ibiro CIA vyemeje mu matohoza vyakoze ko Uburusiya butahungabanije amatora gusa, ariko ko koko bwafashije Trump kugira atsinde, mu kwinjira mu mabanga yari muri mudasobwa akoreshwa na komite z’igihugu z’imigambwe abademokrate n’abarepublikani.

Hagati aho, abegereye Trump bamenyesha ko uwitwa Rex Tillerson yoba ariwe yagenwe kuba umunyamabanga wa Reta ya Amerika azosubirira John Kerry.

Mu gihe Trump ataratangaza ku mugaragaro iryo gena, yatangaje ko Tillerson ariwe afise amahirwe yo gutahukana ico kibanza kuko azi abategetsi benshi bo kw’isi.

Rex Tillerson asanzwe arongoye Komanyi ikomeye cane kw’isi ExxonMobile idandaza igitoro.


IGIHE

Messages

  • Vyoshoboka,kuko,ntiyari,gutsinda.ElaliClinkiton,kuko,umwe,yifasha,gusara,ntiyifasha,gusaba.

  • Yoooooo America birashitseyo ahubwo mumisi igiye gusumbwa nuburundi ndabarahiye uwo mutama yatsinze kumugaragaro nibamureke atware barorera Imana izohana bamwebamwe nabado

  • Ww wiyita karorero ndakwamiriy kur ww ur barivuyeko jyew uruhandi rushigikiwe nincut zuburundi nizo nshigikira non rero gukoresha izina KARORERO utemera aho uburusia bushigikiy ww ur barivuyeko ukwiy kubisabira imbabazi abakurikirana commentaire zanj jyew karorero wukur atar ww mujeri.

  • Barovamwo Baba Nkaya Cnard Vyose Aruguhakana Gusa Batazi Amatora Icarico!

  • Barovamwo Baba Nkaya Cnard Vyose Aruguhakana Gusa Batazi Amatora Icarico!

  • hhh ibi uvuze wowe witwa Karorero ngo Trump ntiyari gutsinda madame clinton ubivuze ukurikije iki Kuko ubundi iyo utanze igitekerezo uba ugomba no kugira urugero runaka ushingiraho naho kuvuga ngo oya oya oya ntiyari kumutsinda kandi byaratangajwe ko yamutsinze sinzi ubwo niba ushatse kugaragaza ko uburusiya uwo bushyigikiye afatsindwa Ngo abashaka gutsinda bose berekezeyo ???!!! Ubwo byaba bisiguye ko uburusiya aricyo gihugu kigihangange niba aricyo cyashyigikiye mu gutsinda amatora kwa Trump !!!!! Niba koko CIA yaratinyutse igatangaza kumugaragaro ko yaje kuvumbura ko Uburusiya bwafashije Trump mu matora , CIA ikaba itari ifite ayo makuru imenyeko yaba yaritesheje agaciro imbere y’uburusiya ndetse n’imbere y’ibihugu byubahaga cyane ubutasi bw’Amerika byaba bimeze nkikinyamakuru ntibuka neza kigeze kwandika ko Amerika yaba itagifite ubushobozi mu biro by’ubutasi bwabo aho icyo gihe nibuka ko Ibyihebe bigaba ibitero muri Amerika Kuri Word T.Centery hari ibiro bimwe by’ubutasi by’amerika byatangaje ko byari bifiteho amakuru make kuri ibyo bitero ,,,,, nyuma umutwe w’abiyahuzi ugatangaza ko nubusanzwe wari uzi neza ko ubutasi bw’Amerika ntamakuru bwari bufite. Ariyo mpamvu nagira nti CIA iramutse yatangaje ko yamenye nyuma ko Trump yafashijwe nabarusiya CIA Ikaba itarabivumbuye mbere yaba yitesheje agaciro byari kurutwa nuko yari kwicecekera ntigire icyo itangaza kuko ubu ibihugu byinshi biratangira bivuge ko Amerika tuzi kubutasi bwo mu myaka 18 ishize atari Amerika y’ubu niba Impamvu mbivuze gutyo nuko nkunda gukurikiranira ibintu hafi . Nibuka 1-Amerika ubwo yagabaga ibitero mu Iraq yavuze ko Iraq ifite ibitwaro bya Kirimbuzi nyuma gato iza gutangaza ko yasanze yaribeshye ko ntabitwaro basanzeyo. Nukuvuga ko ge icyo nshatse kuvuga nuko kuba CIA itangiye kujya itangaza amakuru nkaya ko yamenya ibintu igihe cyarahise byazatiza umurindi abanzi ba Amerika kuko bahita bumvako Amerika nta butasi igifite bukomeye nkubwo isi yari izi kuricyo gihugu nyuma ya Mossad na ...6

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.