IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > "Tugiye kurwiza inguvu mu kurwanya urudandazwa rw’abantu" : NKURIKIYE

"Tugiye kurwiza inguvu mu kurwanya urudandazwa rw’abantu" : NKURIKIYE

samedi 11 novembre 2017

Igihe yariko yerekana abigeme bafashwe bari bajanywe mu gihugu ca Oman hamwe n’abari babajanye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi yamenyesheje ko abo bigeme bafashwe hakoreshejwe ubuhinga bw’igiporisi bwo gutohoza.

Bose hamwe bari abigeme n’abakenyezi 13 , umurwi wa mbere w’abigeme wafatiwe mu ntara ya Muramvya, umurwi ugira kabiri w’abigeme bane ufatirwa i Kobero mu ntara ya Muyinga.

JPEG - 210.1 ko
Abigeme bafashwe bajanywe mu gihugu ca Oman

Hejuru y’abo bigeme bafashwe, harafashwe kandi umurwi w’abantu batatu ugizwe n’abarundi babiri, umugabo n’umukobwa, hamwe n’umugabo ava mu gihugu ca Kenya bari mu gikorwa co kugerageja kujabukana abo bigeme bategerezwa guca i Kampala mu gihugu c’Ubuganda.

Pierre NKURIKIYE amenyesha kandi ko igiporisi c’ishimikije amatariki yatangiweko impapuro z’inzira Passports yari yegeranye, kandi izo mpapuro zose zikaba zari zifiswe n’umuntu umwe,ata nkeka abo bantu bari bagiye hamwe.

JPEG - 176 ko
Pierre NKURIKIYE,umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi avuga ko nyinshi mu mpapuro z’inzira zatanzwe kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu,izindi zikeya zitangwa kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu, imwe canke zibiri nazo zitangwa kw’igenekerezo rya mbere Munyonyo 2017.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ahanura abarundikazi kutemera kujanwa mu bihugu na cane cane vy’abarabu kuko bahabonera amabi menshi, nkuko mbere vyaciye mu bimenyeshamakuru abigeme bagiyeyo babimenyesheje.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abo bafashwe bari bajanye abo bigeme bazoca bakorerwa amadosiye hanyuma bashikirizwe ubutungane, mu gihe abo bigeme nabo bazokwumvirizwa kugira ivyabo bikurikiranirwe hagufi.

JPEG - 209.6 ko
Batatu bafashwe bari bajanye abigeme b’abarundi muri Oman
JPEG - 202.2 ko
Impapuro z’inziri n’ibindi vyafatanywe abigeme bari bajanywe muri Oman

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.